Icegera c’umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC avuga ko kubona aturuka mu gihugu c’Urwanda kitarabana ryiza n’igihugu c’Uburundi umunyamabanga mukuru aturukamwo bitazotuma batumvikana nabo.
Umushingamateka Christophe Bazivamo abona ko ahubwo aronse akaryo ko guterera ari mu ikibanza ciza kugira impari nukutumvikana hagati y Urwanda n’Uburundi bitorerwe umuti.
Abivuze mu gihe aheruka kurahirira k’umunsi wa kane uheze gutangura ayo mabanga.
Bazivamo avugako azi neza ibibazo umuryango ufise cane cane amatati ari hagati y’igihugu c’Urwanda avamwo hamwe n’Uburundi buvamwo Ambasaderi Liberat Mpfumukeko umunyamabanga mukuru wa EAC bagiye gukorana.
Avugana n’Ijwi rya Amerika, Bazivamo avuga ko umuti w’ibibazo bihari atarico yita ubushotoranyi, canke guterana amajambo. Kuriwe , Kuzuzanya no kuja inama n’ingingo nibyo bizotuma be n’umunyamabanga mukuru baterera kugira ibibazo biri hagati yibihugu bibiri bavamwo bihere.
Amenyesha ko uruhara rwiwe rubwirizwa kuboneka mubibazo nkivyo kanatsinda ngo n’inshingano ziwe nubwo bitoroshe.
Igihe yarahirira gutangura aya mabanga mashasha y’icegera c’umunyamabanga mukuru, Perezida John Pombe Magufuli wa Tanzaniya ari nawe atwara inama y’abakuru b’ibibihug vya Afurika y’ubuseruko yamwifurije k’umuzo wiwe wogira icuhindura mubibazo bihanze uyu muryango.
Bazivamo yizeye ko azorangura ayo mabanga atiziganije kandi adahengamiye kuruhande na rumwe nubwo coba arigihugu ciwe.