Uko wahagera

Abayisilamu M'Urugendo i Macca


Abayisilamu bababa imiliyoni zibiri baturuka mu bice bitandukanye vy’isi nibo bari muri Arabiya Sawudite m'urugendo rw’imisi itanu rwama rwabahuje buri mwaka I Macca.

Igihugu ca Irani uyu mwaka nticitavye urwo rugendo mu kuvuga ko Arabiya Sawudite ata bushobozi gifise bwo kwitaho abantu mu bijanye n’amagara yabo hamwe n’umutekano.

Abayisilamu b’abanyairani bo mu bwoko bw’Abashiite bahisemwo gutumbera mu gisagara ceranda c’I Karbala kiri muri Iraki.

Mwomenya ko m’urugendo rwo mu mwaka uheze abanyairani baharurwa mu majana aribo bapfuye ku bwinshi mu bantu bashika 2000 bapfiriye mu misunikano yabereye aho I Macca.

Ikindi gitumye Irani itashimye kuja I Macca n’uko basanzwe batumvikana na Arabiya Sawudite bitumwe n’intambara zo muri Yemeni na Siriya aho ivyo bihugu vyose bifise abo bifashe mu mugongo.

XS
SM
MD
LG