Uko wahagera

Tanzaniya: Nyamugigima Yahitanye Abashika 10


Inzu ikorerwamwo urudandazwa yabomowe na Nyamugigima.

Inzu ikorerwamwo urudandazwa yabomowe na Nyamugigima.

Abantu 10 nibo bahitanwe na nyamugigima yumvikanye mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzaniya k’umusi wa gatangatu. Amazu atari make yarabomotse mu gisagara ca Bukoba kiri ku nkengera c’ikiyaga Victoria.

Igipolisi co mur’ico gisagara gitangaza ko abantu 100 bakomeretse kandi ko ibikorwa vyo gutabara bibandanya mur’iyo ntara ya Kagera.

Abahinga muvy’imitigito y’isi bo muri Amerika bamenyeshwa ko yapima manyitide 5.7 kandi ko yumvikanye no mu bihugu bibanyi vy’uRwanda, Uburundi, Ubuganda na Kenya.

Ibiro vya Perezida wa Tanzaniya vyatangaje ko bibabajwe n’abantu bahasize ubuzima, hamwe n’ibintu vyononekaye ariko nta yandi makuru arenz’aho batangaje.

Akarere ko mu biyaga binini karakunda gushikirwa na nyamugigima ariko nta vyinshi zikunda kwonona.

XS
SM
MD
LG