Uko wahagera

Ibiganiro by’amahoro mu Burundi


Umurwi ujejwe gutunganya ibiganiro hagati mu gihugu, CNDI mu mpfunyapfunyo y’igifaransa, umaze igihe ugendera amakomine agize intara z’Uburundi.

Aho ni nyuma y’aho uwo murwi uhereje gutunganya ibiganiro ku mirwa mikuru y’intara. Kuri uyu wa gatanu, CNDI yakoreye mu makomine atandukanye ya Ruyigi, intara ya 11 igendewe.

Muri komine Ruyigi, abari batumiwe bari mu mirwi itandukanye: abanyeporitike, abari mu mashirahamwe adaharanira ivya poritike, abaserukira amadani, abaserukira urwaruka, n’abaserukira abakenyezi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:02 0:00

XS
SM
MD
LG