Uko wahagera

Al Qaida Iragabisha Amerika


Indongozi ya al-Qaida Ayman al-Zawahiri.

Indongozi ya al-Qaida Ayman al-Zawahiri.

Umurwi w’iterabwoba wa Al Qaida usaba Abayisilamu kwifatanya n’imihari y’iterabwoba mu kurwanya leta zunze ubumwe z’Amerika mugihe Amerika yibuka imyaka 15 iheze habaye ibitero vy’iterabwoba I New York no ku biro vya Pentagoni.

Muri Videwo yasohowe na al Qaida kuwa gatanu, indongozi ya al-Qaida Ayman al-Zawahiri yamenyesheje ko ivyo bitero vyerekana ko Abayisilamu bafise ubushobozi bwo kwivuna umwansi.

Aranavuga ku macakubiri y’amoko ari muri Amerika agasaba abirabure b’abanyamerika kwinjira mw’idini rya Isilamu.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’umutekano wo hagati mu gihugu muri Amerika baragabisha ko al-Qaida ishobora kugaba ibindi bitero nk’ivyo ikoresheje indege z’ubudandaji mu gutera inyubakwa n'ibibanza bikomeye muri Amerika.

XS
SM
MD
LG