Uko wahagera

DRC: Imbohe Zirenga Ijana Zabohowe


Uwahoze ar'umushikiranganji wa mbere wa Togo Edem Kodjo arikumwe n'abadiplomate mu biganiro vy'abanyekongo
Uwahoze ar'umushikiranganji wa mbere wa Togo Edem Kodjo arikumwe n'abadiplomate mu biganiro vy'abanyekongo

Reta ya Republika iharanira Demokarasi ya Kongo yarekuye izindi mbohe 110 za politike, ibisabwe n’imigambwe ya politike.

Intumwa y’umuryango w’Ubumwe bw’Afrika muri Kongo, Edem Kodjo, yahoze ar’umushikiranganji wa mbere wa Togo niwe yatangaje ayo makuru ejo k’umusi wa gatanu mu biganiro ariko ararongora vyo guhuza abanyekongo.

Iryo rekurwa ry’izo mbohe ni kimwe mu bintu bikomeye vyari vyasabwe n’abatavugarumwe na reta, imbere yuko baja mu biganiro vyatanguye mur’iyi ndwi.

Mu ndwi iheze, reta ya Kongo yari yarekuye imbohe 8 ziri mu mashirahamwe aharanira demokarasi, mu nyuma irekura abandi 170 bagirizwa ivyaha bitandukanye.

Benshi murabo 110 barekuwe bari bafashwe bari mu myiyerekano ya politike.
Umwe mu banyepolitike ari mu biganiro, Samy Badibanga, yashimishijwe n’iryo rekurwa ry’abo bantu, akizera ko izindi ngingo nk’izo zigiye gukurikira muri kazoza.

XS
SM
MD
LG