Uko wahagera

USA: Arabiya Sawudite Yagirizwa Kugira Uruhara Mu Bitero vyo mu 2001


Mu nama nshingamateka y'Amerika
Mu nama nshingamateka y'Amerika

Inama nshingamateka ya Leta zunze ubumwe z’Amerika yaremeje ku wa gatanu itegeko riha uburenganzira ababuriye ababo mu bitero vy’iterabwoba vyabereye muri Amerika kw’italiki ya 11 z’ukwezi kw’icenda umwaka w’2001 bwo kwitwarira reta ya Arabiya Sawudite yagirizwa kugira uruhara mur’ivyo bitero.

Ni mugihe benshi mu banyuruje indege zakoreshejwe mu kugaba ivyo bitero bar’abanyagihugu ba Arabiya Sawudite.

Iryo tegeko ryemejwe haheze amezi abiri inama nshingamateka y’Amerika isohoye raporo yerekana uruhara Arabiya Sawudite ibifisemwo ariko Arabiya Sawudite yamye ihakana ivyo vyagiriji.

Ryemejwe kandi mugihe Perezida Barack Obama yamaze gutangaza ko atazoriterako umukono mugihe afise amakenga ko bishobora gutosekaza imigenderanire y’Amerika na Arabiya sawudite.

Ibiro vya Perezida Obama, bimenyesha kandi ko ivyo bishobora gushira abanyamerika bari mu mahanga mu ngorane kandi bishobora kwugururira imiryango ibindi bihugu wo kwitwarira Amerika kuvyo ishobora kuba yagirizwa n’ayandi makungu.

XS
SM
MD
LG