Uko wahagera

Siriya: Vyemejwe ko Abu Omar Saraqeb Yapfuye


Siriya kw'ikarata
Siriya kw'ikarata

Umutegetsi akomeye w’umurwi urwanya ubutegetsi mu gihugu ca Siriya, Fatah al-Sham, yarapfuye. Abarwanya ubutegetsi bavuga ko indege z’ingwano zatera amabome ku bategetsi b’umurwi, Fatah al-Sham, bari mu nama hafi y’igisagara ca Aleppo.

Abu Omar Saraqeb, azwi kandi kw’izina rya Abu Hajer al-Homsi, yishwe mu gitero c’indege z’ingwano cagizwe mu gice kiri mu karere ka Aleppo. Abarwanya ubutegetsi bavuga ko ico gitero gishobora kuba cagizwe n’indege y’ingwano ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, naho ibihugu indege z’ingwano zagize ico gitero bitaremezwa icese.

Umurwi urwanya ubutegetsi, Fatah al-Sham, wahoze ukorana n’umurwi al-Qaida, watangaje urupfu rwa, Abu Omar Saraqeb, ku rubuga ngurukanabumenyi, Twitter.

Saraqeb, avurwa ko yari umwe mu bayobozi bakuru b’umurwi al-Qaida mu gihugu ca Iraki. Yararwanije inteko za Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igihe zari zigaruriye igihugu ca Iraki, mu mwaka w’i 2003, imbere yuko aja mu gihugu ca Siriya, aho yabaye umutegetsi akomeye mu vya gisirikare w’umurwi wahoze witwa, al-Nusra Front, wahindutse, mu nyuma yaho, Fatah al-Sham, inyuma yuko utandukanye n’umurwi al-Qaida.

XS
SM
MD
LG