Uko wahagera

Burundi: Ikiziga Catowe Mu Kinogo


Ikiziga c'umwana w'imyaka ine catowe mu kinogo c'akazu ka sugumwe muri komine Muha zone kanyosha mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura. Uwikekwa ko ubwo bwicanyi, ari mu minywe y inyamiramabi.

Abarongoye zone n'abajejwe intwaro kugwego gwo hasi muri ako karere bafatanije n'abajejwe umutekano bariko barabahoyahoya kugira batsinde ishavu ntibihore.

Uyo mwana atowe ikiziga inyuma y'indwi zibiri zirenga yarazimiye.

Umuryango n'ababanyi begeko urupfu rw'uyo mwana kuri umwe mu babanyi babo yari yarahize ko azokorera ikibi uyo muryango wabuze kubera ko bari bakubise imbwa atunze.

Kugira ico kiziga kirinde gitogwa umwe mu baba muri ako gacimbiri, avuga ko yabonye isazi ziduma mumuhana w'uyo ariko arikekwa yongera ategwa amakenga n'akamoto kabi yahumva.

Uwikekwa ko yishe uwo mwana asanzwe atari umurundi avuka mu gihugu c' Urwanda.

XS
SM
MD
LG