Uko wahagera

Gabon: Jean Ping Yitwariye Ivyavuye mu Matora


Jean Ping, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Gabon
Jean Ping, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Gabon

Jean Ping, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Gabon, yatwariye ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’italiki 27 z’ukwezi kw’umunani, abisabwe n’amakungu.

Ivyo bitangazwa n’uwumuserukira mu rwego rw’igihugu rujejwe gutunganya amatora, Paul Marie Gondjout.

Abategetsi basavye, Jean Ping, kwitwarira ivyavuye mu matora mu masentare y’igihugu, barimwo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, Ban Ki-moon.

Gondjout, avuga ko, Ban Ki-moon, n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’igihugu c’Ubufransa, Jean-Marc Ayrault, na bamwe mu bategetsi b’igihugu vyo muri Afrika basavye, Jean Ping, kwitwara muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, mu gihugu ca Gabon.

Amenyesha ko bashaka kw’amakungu agira ico akoze muri, Gabon, kubera ibintu bishobora kumera nabi kurushiriza hamwe atacokorwa.

Jean Ping, yagiriza abategetsi b’igihugu ca, Gabon, ko bivye amatora. Yatangaje ko ariwe yatsinze amatora.

Yatangaje kw’abacamanza bahengamiye ku ruhande rw’umugambwe uri ku butegetsi, n’umuryango wa Bongo, watwaye Gabon, mu kiringo kigera ku myaka mirongo itanu.

XS
SM
MD
LG