Uko wahagera

Byanse Ko Afuganistani Ibihora Abigisha


Reta Zunze Ubumwe za Amerika imenyesha ko igisirikare kidasanzwe ca Afuganistani cagerageje kubohoza abigisha babiri ba Kaminuza ya Amerika ku mugwa mukuru wa Afuganistani, i Kaboul.

Peter Cook, akora mu biro bijejwe kumenya amakuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika, amenyesha kw’ico gikorwa cabaye mu kwezi guheze gihawe uburenganzira n’Umukuru w’Igihugu.

Ico gikorwa bivugwa ko cacerewe kuranguka bivanye nuko iperereza ryariko ririga ku kibanza abo bigisha bari basanzwe barimwo. Yamara basanze atari ho bari, ico gikorwa kibona kutaranguka nkuko vyari vyateguwe.

Peter Cook amenyesha ko mur’ico gitero, umugwanyi umwe mubahanganye n’igisirikare ca Amerika yahasize ubuzima. Ariko nta vyinshi yavuze kur’ico gitero, ku mvo z’umutekano w’abo bigisha, n’ico gikorwa co kubabohoza.

XS
SM
MD
LG