Uko wahagera

Ghana: Igipolisi kivuga ko citeguriye amatora y'Umukuru w'Igihugu


Perezida wa John Dramani Mahama
Perezida wa John Dramani Mahama

Igipolisi mu gihugu ca Ghana kimeneyesha ko hari ibibanza bishika ku bihumbi bitanu bigaragara ko bishobora kuberamwo intureka mu kiringo c’imyiyamamazo y’amatora ategekanya kuba itariki 7 z’ukwezi kwa 12 uyu mwaka.

Igipolisi kimenyesha kandi ko kiza catanguye gufata ingingo zidasanzwe kugira gikinge izo ntureka.

Cephas Arthur, umuvugizi w’igipolisi muri Ghana yatangaje ko uwo mugwi ujejwe gukingira intureka, ufise uburenganzira uhabwa n’amategeko kugira ucungere umutekano mu matora yimirije y’umukuru w’Igihugu n’ay’abashingamateka.

Arthur avuga kw’amwe mur’ayo mategeko azokora mu gihe amatora azoba ariko araba, mu bibanza babona ko bishobora kuberamwo intureka.

Abapolisi bashika ku 30.000 bajejwe iperereza, nibo barungitswe mu gihugu cose kugira bamenye uburyo icuka cifashe.

Arthur avuga ko hari programa yo gukura ibigwanisho mu banyagihugu batabifitiye uburenganzira. Igipolisi kikaba kandi kiriko kirangura igikorwa co kugabura uturere mu mice mitomito, na cane cane ahagaragara ko hashobora kwaduka izo ntureka.

Mu kwezi kwa 12, itariki 7, niho abanyagihugu ba Ghana bazotora umukuru w’Igihugu mushasha, hamwe n’abashingamateka bashasha bashika ku 275.

XS
SM
MD
LG