Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko: Oposiziyo na Reta Biyamirije Ivyatangajwe na USA


Abatavuga rumwe mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko biyamirije ivyatangajwe n’abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bisaba ko Riek Machar, yahoze ari icegera ca mbere ca perezida wa Sudani yo mu bumanuko, atogaruka mu gihugu gusubira mu mabanga yifwe.

Bavuga ko kubera Machar, atari mu gihugu bigeramiye umugambi w’amahoro.

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Sudani na Sudani yo mu bumanuko, Donald Booth, yabwiye abagize akanana kajejwe imigenderanire mu nama nshingamateka ya Amerika, ko Machar yahunze igihugu mu kwezi kw’indwi, atotegerezwa kugaruka muri Sudani yo mu bumanuko, kubera umutekano muke ubandanya mu gihugu.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, inyuma yuko aserutse imbere y’ako kanama, Booth, yatangaje ko ukutizigirana hagati ya Riek Machar, na perezida Salva Kiir, vyatumye haba ububabare bukomye ku banyagihugu.

Amenyesha ko ari ibigaragara ko Riek Machar, na Salva Kiir, badashobora gukorana. Avuga ko habaye ugutana mu mitwe, ku murwa mukuru Juba. Amenyesha ko badashaka kw’ibintu nkivyo bisubira kuba.

XS
SM
MD
LG