Uko wahagera

USA: Prezida Obama Ariyamiriza Donald Trump


Ari mu gihugu ca Laos, Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yariyamirije, Donald Trump, mu kuvuga kw' adakwiriye kuyobora igihugu.

Ivyo Prezida Obama, yabitangaje inyuma y'uko Donald Trump, ariko ahiganira kuba prezida ku ruhande rw’Abarepublika, avuzeko prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ar' umuyobozi abibereye kurusha Prezida Obama.

Prezida Obama, amenyesha kw' atibaza ko Donald Trump, akwiriye kuba perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Atangaza kw'ivyo vyigaragaza igihe cose yuguruye umunwa.

Ku muhingamo, w’ejo ku musi wa gatatu, Donald Trump, yaratangaje ko Putin, ar' umuyobozi abikwiriye kurusha Prezida Obama.

Prezida Obama, yishuye avuga ko mu mabanga y’umukuru w’igihugu umuntu ategerezwa kumenya ivyo ariko aravuga, kw’umuntu ategerezwa kuba yiyumviye neza.

Umukandida w’Umurepublika, Donald Trump, yaranebaguye kandi ibikorwa vy’igisirikare ca Amerika muri Iraki ku ntwaro ya Prezida, Obama. Yatangaje ko perezida Obama, atahaye agaciro na gato abasirikare bakomeye b’abajenerali.

XS
SM
MD
LG