Uko wahagera

Siriya: Ingwano Yavanye mu Vyabo Abantu Bagera ku 10,000


Ugutana mu mitwe hagati y’igisirikare ca Reta ya Siriya, n’abarwanya ubutegetsi, mu ntara ya Hama, vyatumye abantu bagera ku bihumbi ijana bava mu ngo zabo hagati y’ital’iki 28 z’ukwezi kw’umunani, n’italiki zitanu z’ukwezi kw’icenda.

Ivyo vyatangajwe n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, rijejwe gutabara.

Iryo shami ryamenyesheje kw’ibitigiri vyerekana ko hafi y’abataye izabo, mu gisagara ca Hama, bashitse mu ntara bihana urubibe ya Idlib, iri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi.

Abandi bahungiye mu gisagara ca Hama, ikiri mu minwe ya Reta, aho imisigiti ine yahinduwe uburaro bw’agateganyo.

Mu bice vyo hagati mu ntara ya Hama, amashule atari make nayo nyene yahindutse uburaro.

Yamara imiryango itari mike yavuye mu vyayo iryama hanze, mu ntara ya Idlib, kubera ukubura kw’ibibanza vy’uburaro.

Muri ico gihe umutegetsi umwe mu gisagara ca Aleppo, kiri mu minwe y’abarwanya ubutegetsi, Mohammed Abu Jaafar, yatangaje ko umuntu umwe yapfuye ahitanywe n’umutima, ku musi wa kabiri, kubera ivyikekwa ko cari igitero c’imyuka ya Chlorine.

Abaharanira agateka ka muntu, n’abajejwe gutabara bavuga kw’abantu mirongo irindwi bavuwe, ku musi wa kabiri, kubera ibibazo vy’uguhema, mu gisagara ca Aleppo.

Ivyo inyuma yuko abakozi bajejwe gutabara bavuzeko cari igitero c’imyuka ya Chlorine, cagizwe n’inteko za Reta.

XS
SM
MD
LG