Uko wahagera

Turikiya Iriteguriye Kwifatanya na Amerika mu Guhabuza Igisagara ca Raqqa


Perezida Barack Obama wa Amerika na Recep Tayyip Erdoğan wa Turikiya
Perezida Barack Obama wa Amerika na Recep Tayyip Erdoğan wa Turikiya

Igihugu ca Turikiya gitangaza ko citeguriye kwifatanya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu bikorwa vya gisirikare ivyarivyo vyose vyo muri kazoza, bigenewe guhabuza igisagara ca Raqqa, kiri mu minwe ya Reta ya Kiyislamu.

Ivyo bitangazwa na perezida wa Turikiya, Recep Tayyip Erdogan.

Erdogan yabwiye abamenyeshamakuru, bari batahutse bari kumwe nawe, bavuye mu nama y’ibihugu biteye imbere n’ibiriko bitera imbere bigize umurwi G-20 kw’ico ciyumviro cashikirijwe na perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, mu biganiro ku ruhande y’inama y’ibihugu bigize umurwi G-20, mu Bushinwa.

Perezida Erdogan, avuga kw’abategetsi b’igisirikare ca Turikiya, n’abategetsi b’igisirikare ca Amerika, bashobora kubonana kugira baganire ivyerekeye guhabuza igisagara ca Raqqa, kibonwa kw’ariwo murwa mukuru wa Reta ya Kiyislamu.

Haheze indwi zibiri igisirikare ca Turikiya cinjiye mu buraruko bw’igihugu ca Siriya, gufasha utwigoro tw’abarwanya ubutegetsi bw’ico gihugu tw’ugutuza Reta ya Kiyislamu muri ako karere, n’ugutuma abarwanyi b’Abakurde badafata ubundi butaka muri ako karere.

XS
SM
MD
LG