Uko wahagera

Prezida wa Somaliya Arashimishwa n'Uruhara rw'Abari Hanze y'Igihugu


Perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud

Perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud

Perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, avuga ko ashaka kw’urundi rwaruka rw’abanyasomaliya bari hanze y’igihugu, rutahuka rugasfasha kwubaka igihugu. Ivyo naho abarwanyi b’umurwi al-Shabab babandanya kugira ibitero vyiha inkumbi muri Somaliya.

Perezida, Hassan Sheikh Mohamud, yavuganye n’umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomalia, Abdirahman Yabarow, ku murwa mukuru Mogadisho. Ico kiganiro yagitanze, inyuma yuko yishuye ibibazo vy’Abanyasomaliya, mu nama yatunganjwe n’Ijwi rya Amerika, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye.

Yabaye inama ya mbere yahuje umurwa mukuru, Mogadisho, n’igisagara ca St. Paul, muri Reta ya Minnesota, kibamwo igitigiri kinini cane c’Abanyasomaliya muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Perezida, Hassan Sheikh Mohamud ,yatangaje kw’abanyasomaliya bari hanze y’igihugu bagize uruhara mu gushiraho imirimo itari mike mishasha y’ubudandaji ku murwa mukuru, Mogadisho, kuva umurwi al-Shabab utakaje ico gisagara, mu mwaka w’i 2011.

Atangaza ko yashimishijwe n’ukubona, mu nama yagiranye n’abakiri bato b’abanyasomaliya, ko bifuza gusubira kwubaka igihugu casambuwe n’ingwano n’uruhagarara bimaze imyaka mirongo ibiri n’itanu.

XS
SM
MD
LG