Uko wahagera

Umugambi wa Ukraine w'Ukwinjira Muri OTAN Uracari Ntabanduka


Prezida w’igihugu ca Ukraine, Petro Poroshenko, yatangaje ko kwinjira mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vy’ibahari Atlantike, O-T-A-N ukiri umugambi ntabanduka w’igihugu ciwe.

Avugira imbere y’abashingamateka, ku musi w’ukwugurura ibikorwa vy’inama nshingamateka nshasha y’igihugu, ku musi wa kabiri, Poroshenko, yavuze kw’igihugu ciwe cashitse aho gikorana bikomeye n’ibihugu bigize ishirahamwe O-T-A-N.

Avuga kw’ugukorana n’ishirahamwe O-T-A-N kuzobandanya gukomera kurushiriza, gushika Ukraine ishikanye ibisabwa vyose kugira yinjire muri iryo shirahamwe.

Igihugu ca Ukraine, kiragirira hamwe kenshi imyiyemenyerezo ya gisirikare n’ishirahamwe O-T-A-N. Yamara ibihugu bigize iryo shirahamwe vyatangaje kw’igisirikare ca Ukraine, giherutse gutunganywa gushasha kikiri kure, umuntu aravye ibisabwa kugira cemererwe kwinjira mw’ishirahamwe O-T-A-N.

Bimwe mu bihugu bigize ishirahamwe O-T-A-N, vyarerekanye amakenga kw’ukwiyongera kw’igihagararo ca Ukraine, bishobora gushavuza kurushiriza Uburusiya, butangaza ko Ukraine yagerageje gusubira kwigarurira intara ya Crimee, mu kwezi guheze.

XS
SM
MD
LG