Uko wahagera

Clinton na Trump Baregeranye cane mw'Ihiganwa


Mu gihe hasigaye indwi icenda gusa ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ihiganwa hagati y’Umudemokarate, Hillary Clinton, n’Umurepublika, Donald Trump, risa n’iryegeranye bikomeye cane.

Ivyatohojwe ku musi wa kabiri na CNN/ORC, vyerekana ko Donald Trump, yagiye imbere ya, Hillary Clinton, n’ibice 45 ku bice 43 kw’ijana, ku rwego rw’igihugu.

Hillary Clinton, yari yagiye imbere ya, Donald Trump, n’ibice umunani kw’ijana, inyuma y’amakoraniro kaminuza y’umugambwe w’Abademokarate, n’umugambwe w’Abarepublika mu kwezi kw’indwi.

Yamara izo ntambwe, Hillary Clinton, yari yagize kuva ico gihe zisa n’izazimanganye muri iki gihe.

Yamara amatohoza mu kiringo c’indwi zitatu za nyuma z’ukwezi kw’umunani yagizwe n’ikinyamakuru, Washington Post, ku bantu ibihumbi mirongo irindwi na bine biyandikishsije gutora yerekana ko Hillary Clinton, ari imbere mu ma Reta afzise abantu benshi cane.

Donald Trump ari imbere mu ma reta menshi matomato.

XS
SM
MD
LG