Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yarashe Missile Balistike


Abanyagihugu bariko Baraba amakuru y'aho Koreya ya Ruguru yateye Misile Balistike

Abanyagihugu bariko Baraba amakuru y'aho Koreya ya Ruguru yateye Misile Balistike

Igihugu c’Ubuyapani ciyamirije ingingo y’igihugu ca Koreya ya ruguru y’ukurasa misile balistike zitatu, mu gice c’ibahari cegereye Ubuyapani, uno musi ku wa mbere.

Izo misile zarasiwe mu ntara ya Hwanghae, iri mu buseruko bwa Koreya ya ruguru ku nkengera z’ibahari.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Koreya y’epfo, yatangaje kw’izo misile ari misile zitwa Rodong zishika ku bilometero igihumbi.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’igihugu c’Ubuyapani butangaza kw’izo misile zaguye mu gice c’ibahari cegereye Ubupapani.

Ingingo ya Koreya ya ruguru y’ukurasa izo misile ifashwe mu gihe abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi babonaniye mu gisagara ca Hangzhou, kiri mu buseruko bw’Ubushinwa.

Abategetsi b’Ubuyapani bavuga ko iyo ngingo ya Koreya ya ruguru atari agasomborotso gusa ku Buyapanai, kw’ari agasomborotso ku makungu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziyamzirije ingingo y’igihugu ca Koreya ya ruguru. Zatangaje kw’ingingo y’ukurasa ama misile balistike, bigeramiye akarere ka Aziya yo mu buseruko.

XS
SM
MD
LG