Uko wahagera

EAC Yakiriye Sudani Y'Epfo


Intumwa zidasanzwe za reta ya Sudani y’Epfo zatanze inzandiko zirimwo izasinywe n’umukuru w’iki gihugu hamwe nizemejwe n’inama nshingamateka ya Sudani y’Epfo zigaragaza ko cinjiye burundu muri EAC

Intumwa zidasanzwe za reta ya Sudani y’Epfo zatanze inzandiko zirimwo izasinywe n’umukuru w’iki gihugu hamwe nizemejwe n’inama nshingamateka ya Sudani y’Epfo zigaragaza ko cinjiye burundu muri EAC

Inama y’aba ministiri bajejwe umuryango wa Afrika y’ubuseruko yateranye kuruyu wa mbere I Arusha muri Tanzania hamwe n’umunyabanga mukuru w’uyu muryango EAC bakiriye kumugaragaro igihugu ca Sudan y’efpo nk’igihugu kigira gatandatu cinjiye muri EAC.

Intumwa zidasanzwe za reta ya Sudani y’Epfo zatanze inzandiko zirimwo izasinywe n’umukuru w’iki gihugu hamwe nizemejwe n’inama nshingamateka ya Sudani y’Epfo zigaragaza ko cinjiye burundu muri EAC.

Umunyamabanga mukuru wa EAC Ambassaderi Liberat mfumukeko yatangaje icese ko igihugu ca Sudani y’Epfo cujuje ibisabwa kugira cinjire muri uyu muryango.

Mfumukeko mwijambo ryiwe imbere y’abashikiranganji ba yavuze ati “Sudani y’Epfo kibaye umwe mumuryango, gifise uburenganzira n’amahirwe angana kandi vyuzuye nk’ibindi bihugu bitanu vyari bisanzwe muri EAC.

Yagize ati ni nk’umwana amaze imyaka itanu avutse none atanguye kwinjira mumuryango kuko Sudani y’Epfo kimaze imyaka itanu kironse ubwigenge.

Mugihe Sudani y’epfo yinjiye mumuryango wa Afrika y’ubuseruko irimwo ibibazo vy’intambara ibindi bihugu bibona ko ari akarusho kugira umuryango utorere umuti ico kibazo.

Augustine Mahiga, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Tanzaniya abona ko arakaryo nyako kugira umuryango wose nawo wiyumve ko ari nkaho urwaye.

Umushikiranganji Leontine Nzeyimana aserukira Uburundi nk’ikindi gihugu kiri mubibazo, iruhande yo gukeza Sudani y’Epfo avuga ko akarere ka Afrika yubuseruko gafise igikorwa kinini co kugarukana amahoro n’umutekano mubihugu bikagize.

XS
SM
MD
LG