Uko wahagera

Perezida Obama mu Nama ya G20


Perezida Obama ariko arasezera i Honolulu muri reta ya Hawaii, yerekeza mu nama ya G20
Perezida Obama ariko arasezera i Honolulu muri reta ya Hawaii, yerekeza mu nama ya G20

Perezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z’Amerika kur’uyu wa gatanu niho yahaguruka ku kibuga c’indege c’i Honolulu, muri reta ya Hawaii, yerekeza mu gisagara ca Hangzhou, m’Ubushinwa, aho azohurira n’abandi bakuru b’ibihugu rutura bigize umurwi wa G20.

Inama itumbereye guca irya n’ino ibibazo bihanze isi birimwo iterabwoba hamwe n’ibibazo vy’impunzi n’abimukira.

Bitegekanijwe ko ashika kur’uyu wa gatandatu k’umugoroba ace abonana adatevye n’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa, Xi Jinping imbere yuko inama itangura.

Inyuma y’iyo nama izoba k’umusi wa mungu no kuwa mbere, Obama azoca arangurura mu gihugu ca Laos, mu zindi nama zibiri, iy’abakuru b’ibihugu vya Aziya y’ubumanuko n’iyindi y’ibihugu vyo mu buseruko bwa Aziya.

Izo nama zizoba kuva k’umusi wa kabiri gushika k’umusi wa kane.

XS
SM
MD
LG