Uko wahagera

U Rwanda Rwashikirije Ibiziga vy’Abarundi Babiri


Abategetsi b’i Bugarama mu karere ka Rusizi mu gihugu c’Urwanda bashikirije kur’uno wa gatanu buramatari w’intara ya Cibitoke ibiziga vy’abantu babiri baheruka kwicirwa aho i Bugarama ku mupaka w’Uburundi n’u Rwanda.

Ivyo biziga vyahavuye bitwarwa kw’ivuriro ryo mu Rukana muri komine Rugombo aho vyasuzumiwe, imbere y’uko bipfubanwa iteka. Mu miryango y’abo bahisi umubabaro wari wose. Bamenyesha ko baravye ingene ababo bari barashwe ngo vyibonekeza ko bagandaguwe bafashwe. Bagasaba ko hoba amatohoza atomora ingene vyagenze.

Buramatari w’intara ya Cibitoke, Joseph Iteriteka, yaremesheje ababuze abantu, asaba abo arongoye kwihanganira ivyabaye. Yanamenyesheje ko bagiye gukurikirana iyo dosiye.

Abo bahisi babiri Niyonkuru Fidèle na Nyabenda Jérémie bagandaguwe barashwe n’abasirikare b’igihugu c’Urwanda mu bucagucagu bwo ku wa gatatu. Ico gihe bari bashoye mu mpisho intore mur’ico gihugu kandi bibujijwe na Reta y’Uburundi.

Umuhanuzi mu biro vy’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Déogratias Ndikumana, yari yifadikanije n’abanya Cibitoke mu kuja kwakira ibiziga vy’abo bantu babiri.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:22 0:00

XS
SM
MD
LG