Uko wahagera

Gabon: Uruhagarara Ruriko Rukwiragira mu gihugu


Imodoka zaturiwe ziri hanze y'inyubakwa ya Reta ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville
Imodoka zaturiwe ziri hanze y'inyubakwa ya Reta ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville

Abari mu myiyerekano ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon, Libreville, basahuye bikomeye, muri ico gisagara, uno musi ku wa gatanu.

Umumenyeshamkuru w’Ijwi rya Amerika, Idriss Fall, ari ku murwa mukuru, Libreville, avuga ko uruhagarara rwatanguye, mu gice ca Charbonnage, mu gisagara Libreville, mu nyuma yaho rukwiragira mu bindi bice.

Atangaza ko benhsi mu bari mu myiyerekano, bari imikangara iri mu myaka ya mirongo ibiri. Yamara ivy’uko abantu bihereje amabarabara bariko bashikiriza ubutumwa bwa politike, canke bashaka kuhabonera akaryo, kubera ukuntu ibintu vyifashe, muri iki gihe, ntibitomoye.

Idriss Fall, avuga kandi kw’inyubakwa irimwo ibiro vy’umukuru w’igisagara ca, Port-Gentil, kiza ubwa kabiri mu bunini muri Gabon, yaturiwe.

Yavuganye n’abayobozi 22 b’abatavuga rumwe na Reta batangaje kw’igitigiri c’abapfuye kimaze gushika kuri cumi n’indwi. Yamara ntivyoroshe kwemeza ku buryo bwigenga ico gitigiri.

Ababa ku murwa mukuru, Libreville, barafise ubwoba bw’ukuja hanze, amabarabara arugaye. Ivyo bikaba vyageramiye bikomeye gutwara ibifungurwa mu gihugu.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati butangaza kw’abantu batatu gusa aribo bishwe.

Uruhagarara rwatanguye, ku musi wa gatatu, inyuma yuko ivyavuye mu matora, vyatangajwe ku mugaragaro, vyerekanye ko Ali Bongo, yatsinze na 49.8 kw’ijana vy’amatora, mu gihe uwo bahiganwa, Jean-Ping, yaronse 48.2 kw’ijana vy’amajwi.

Inyubakwa, ku murwa mukuru, Libreville, harimwo inyubakwa y’inama nshingamateka zaraturiwe ku musi wa kane.

Ubufaransa bwahoze bukolonije Gabon, bwariyamirije uruhagarara n’ubwicanyi muri Gabon. Yamara bwamenyesheje kw’ata ngingo buzofata.

XS
SM
MD
LG