Uko wahagera

Zambia: Amashengero Ahamagarira Amahoro mu Banyepolitike


Abayoboke ba Perezida Edgar Lungu, bigina intsinzi y'umukuru w'igihugu
Abayoboke ba Perezida Edgar Lungu, bigina intsinzi y'umukuru w'igihugu

Imirwi itatu y’amashengero muri Zambiya yagiye hamwe itera akamo abarongoye imigambwe ya politike mur’ico gihugu kubumbatira amahoro no kuguma bafatanye munda.

Ni mugihe sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kur’uyu wa gatanu ariho igira ico ishikirije ku birego vyashikirijwe n’abatavugarumwe na reta bayituye bavuga ko amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 11 z’ukwezi kwa munani yabayemwo ubusuma.

Ishengero Evangelical Fellowship, inama y’amashengero muri Zambiya hamwe n’inama y’abepiskope ba Ekleziya Katolika basaba abanyepolitike gucungera abanywanyi babo ntibaje mu bikorwa vyo gutana mu mitwe igihe iyo sentare itangariza urubanza yaciye.

Umurwi w’igihugu utunganya amatora watangaje ko Perezida Edgar Lungu ariwe yatsinze amatora ku majwi 50.35, mugihe uwo bahiganwa Hakainde Hichilema yatahukanye amajwe 47.67 kw’ijana.

Ico gihe abatavugarumwe n’ubutegetsi baranse kwemera ivyo biharuro, bavuga ko habaye ubusuma.

XS
SM
MD
LG