Uko wahagera

Libiya-USA: Abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu Barasugerejwe


.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Leta zunze ubumwe z’Amerika butangaza ko abarwanyi b’umuhari wa reta basigaye mu mihana itatu gusa mu gisagara ca Sirte muri Libiya.

Ivyo bitangajwe mugihe Amerika yiyongeye imisi 30 kugira ibandanye ibitero vy’indege mur’ico gisagara cari carigaruriwe n’uwo muhari.

Umuvugizi w’ubwo bushikranganji Capt. Jeff Davis amenyesha ko abarwanyi b’umuhari wa reta ya Kiyisilamu bagisigayemwo badashika ku majana abiri.

Amerika yatanguye kugaba ibitero vy’indege kur’abo barwanyi muri Libiya italiki 1 z’ukwezi kwa munani ibisabwe na reta ya Libiya yavuye mu masezerano.

XS
SM
MD
LG