Uko wahagera

Gabon: Abantu Barenga 1,000 Bahagaritswe


Imyiyerekano muri Gabon

Imyiyerekano muri Gabon

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’igihugu ca Gabon, yatangaje kw’abantu barenga igihumbi bahagaritswe, kuva uruhagarara rwadutse ku murwa mukuru, Libreville, ku musi wa gatatu. Ivyo inyuma yuko abategetsi batangaje ko perezida Ali Bongo, yatsindiye kubandanya kuyobora igihugu mu kindi kiringo.

Uno musi ku wa kane, igipolisi cagenzuye amabarabara y’umurwa mukuru, Libreville, inyuma y’ijoro ry’ugutana mu mitwe, aho abari mu myiyerekano baturiye inyubakwa y’inama nshingamateka, inteko za Reta zikinjira mu nyubakwa zirimwo icicaro c’umugambwe w’abatavuga rumwe na Reta.

Abategetsi ba Reta bamenyesha ko umuntu umwe yishwe, abandi cumi n’icenda barakomereka.

Jean Ping, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta yatangaje imbere yaho kw’abantu babiri bishwe.

Ping, ariyamiriza ivyavuye mu matora, vyatangajwe ku mugaragaro, vyerekana ko yatsinzwe na perezida Bongo, n’amajwi agera ku bihumbi bitanu. Amenyesha ko bafise ivyemezo kw’amatora yibwe. Afise imigambi y’ugushikiriza ivyo vyemezo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, yasavye abanyagaboni kuguma batekanye, inyuma y’amatora yabayemwo amatati akomeye.

XS
SM
MD
LG