Uko wahagera

Afganistani: Abatalibani Bagabisha Kwica Joshua na Caitlan


Joshua Boyle na Caitlan Coleman, kw'ifoto ifiswe n'abavyeyi babo

Joshua Boyle na Caitlan Coleman, kw'ifoto ifiswe n'abavyeyi babo

Abatalibani bo muri Afghanistani barasohoye videwo yerekana umunyekanada, n’umugore wiwe w’umunyamerikakazi hamwe n’abana babo babiri bafashe. Amazina y’abo bantu ni Joshua Boyle n’umukenyezi wiwe Caitlan Coleman.

Bavuga ko bazobarekura ibihugu vya Canada na Leta zunze ubumwe z’Amerika bakoze ivyo basaba.

Abatalibani basaba Canada na Amerika kuremera reta ya Afganistani igahagarika umugambi wo kwica imbohe z’Abatalibani zafashwe na reta ya Afganistani.

Bagabisha ko mugihe Amerika na Canada bitobasha gukora ivyo, abo bantu bagizwe imbohe bazoca bicwa.

Uwo muryango wafashwe m umwaka w’2012 kandi n’abo bana babo babiri bavukiye mu minwe y’Abatalibani.

Amerika yamenyesheje k’umusi wa kabiri ko igiye kwihweza neza ivy’iyo videwo. Nayo abategetsi ba Canada bamenyesha ko babibonye ariko ntaco bashimye gushikiriza m’ukuvuga ko bishobora gushira mu bibazo vy’umutekano abenegihugu babo bari mu mahanga.

XS
SM
MD
LG