Uko wahagera

Ban Ki Moon Asaba Abanyegabo Kubumbatira Amahoro


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon ashikiriza ko ahagaritswe umutima n’uguturira inyubakwa kwabaye hamwe n’ugutana mu mitwe hagati y’abajejwe umutekano n’abahakana ivyavuye mu matora.

Mw’itangazo yasohoye kuwa gatatu, Ban Ki Moon amenyesha ko yumvise ibiharuro vyatangajwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Gabon.

Asaba abanyepolitike mur'ico gihugu gushira imbere ibizana amahoro n’umutekano w’igihugu bakamirira kure ibibatandukanya.

Yaciye agirako asaba intumwa yiwe idasanzwe mu gihugu ca Santrafrika Abdoulaye Bathily, kwihuta gufasha gutorera umuti ico kibazo m’umutekano. Aheraheza avuga ko abandanya akurikiranira hafi ibiriko biraba muri Gabon.

XS
SM
MD
LG