Uko wahagera

Brezil: Dilma Rousseff Yakuwe ku Butegetsi


Abakenguzamateka mu gihugu ca Brezil batoye n’amajwi mirongo itandatu n'umwe kuri mirongo ibiri, ingingo yo gukura prezida, Dilma Rousseff, mu mabanga yiwe y’umukuru w'igihugu ca Brezil.

Basanze yaciye kubiri n’amategeko agenga amafaranga Reta ikoresha.

Iyo ngingo yafashwe uno musi ku wa gatatu, inyuma y'aho Rousseff, umuprezida wa mbere w’umupfasoini muri Brezil, amaze amasaha arenga cumi n’ane abazwa ibibazo ku musi wa mbere.

Ibibazo vya nyuma vyerekeye urubanza rw’ukumukura ku butegetsi vyabaye, ejo ku musi wa kabiri.

Ku gira iyo ngingo ishirwe mu ngiro, ku bakenguzamateka 81, mirongo itanu na bane, n’imiburiburi, bategerezwa gutora iyo ngingo yo kumukura ku butegetsi.

Rousseff, yagirizwa ko yakoresheje amadeni ya Reta, mu buryo butarekuriwe n’amategeko, kugira ahishe ibibazo vy’amafranga Reta ikoresha.

Yarahakanye kw' ata caha yakoze. Yagirije abamurwanya ko barondeye kumukura ku butegetsi, n’ukugeramira demokarasi mu gihugu.

Bitegekanijwe ko, Rousseff asubirirwa n’icegera ca prezida, Michel Temer.

XS
SM
MD
LG