Uko wahagera

Amerika Irabeshuza kw'Uburusiya Aribwo Bwishe Abu Muhammad al-Adnani


Umuvugizi wa Reta ya Kiyislamu yishwe, Abu Muhammad al-Adnani

Umuvugizi wa Reta ya Kiyislamu yishwe, Abu Muhammad al-Adnani

I

Ivyatangajwe n’Uburusiya vyuko bwishe umuvugizi wa Reta ya Kiyislamu, Abu Muhammad al-Adnani, n'ikinyoma ceruye. Ivyo bimenyeshwa n’umutegetsi w’umunyamerika mu kiganiro nyahaye Ijwi rya Amerika.

Mw’itangazo, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwamenyesheje kw’indege z’ingwano z’ico gihugu zishe abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu bagera kuri mirongo ine, harimwo Adnani, mu bitero vy’amabombe vyabereye hafi y’intara ya Aleppo, ku musi wa kabiri.

Umutegetsi akomeye ajejwe kwivuba abansi w’umunyamerika yabwiye Ijwi rya Amerika kw’ivyatangajwe n’Uburusiya ari akandi kigoro k’ugutanga amakuru atari ay’ukuri.

Uwo mutegetsi avuga ko al-Adnani yari amaze igihe akwirikiranwa, ko yishwe mu gitero c’indege z’ingwano, ku modoka hari y’imihana y’ahitwa, Washiya, mu buraruko bw’igisagara ca Aleppo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zatangaje kw’inteko z’urunani ziyoboye zari zahize Adnani, zikoresheje ibitero vy’indege z’ingwano, mu gisagara ca al-Bab, mu gihugu ca Siriya.

Reta ya Kiyislamu, ubwayo yatangaje urupfu rwa, Muhammad al-Adnani ku musi wa kabiri. Uwo murwi watangaje ko yishwe igihe yariko agenzura ibikorwa vya gisirikare bigenewe kwigizayo ibitero vya gisirirake, mu gisagara ca Aleppo.

Umutegetsi w’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika, yatangaje ko Adnani yagize uruhara ubwiwe, mu kwinjiza abarwanyi b’abanyamahanga muri Reta ya Kiyislamu, kandi ko yayoboye ibitero bikomeye vy’uwo murwi, hanze y’ibihugu vya Siriya na Iraki.

XS
SM
MD
LG