Uko wahagera

Gabon: Perezida Ali Bongo Yasubiye Gutorwa


Perezida wa Gabon, Ali Bongo

Perezida wa Gabon, Ali Bongo

Perezida w’igihugu ca Gabon, Ali Bongo, yastinze amatora y’ugusubira kuyobora igihugu, nkuko bitangazwa na komisiyo y’igihugu ijejwe gutunganya amatora. Yamara abamunebagura bariyamiriza ivyavuye mu matora, mu kuvugako amatora yaranzwe n’ubusuma.

Idrissa Fall, w’Ijwi rya Amerika ari ku cicaro c’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, avuga ko bamwe mu bagize uwo murwi batanze imihoho, uno musi ku wa gatatu.

Amenyesha kandi kw’imyiyerekano ku vyavuye mu matora yabaye ku murwa mukuru wa Gabon, Libreville.

Jean Ping, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta, yahiganywe bikomeye na Ali Bongo, yatangaje ko bafise ivyemezo kw’amatora yibwe. Amenyesha ko afise imigambi y’ugushikiriza ivyo vyemezo sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro y’igihugu.

Ivyavuye mu matora, vyitezwe ko bitangazwa icese, vyerekana Bongo, n’intsinzi ya mirongo ine n’icenda n’ibice umunani kw’ijana vy’amajwi, mu gihe Jean Ping, yaronse mirongo ine n’umunani n’ibice bibiri kw’ijana.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, yasavye Abanyagaboni kuguma batekanye, mu gihe c’inyuma y’amatora.

Abakandida bompi batangaje intsinzi inyuma y’amatora yo ku musi wa gatandatu w’indwi iheze. Uruhande rumwe rwagiriza urundi ko rwivye amatora, mu gihe igikorwa c’uguharura amajwi cariko kiraba.

Igihugu ca Gabon, ntigitegekanya incuro ya kabiri y’amatora. N’ukuvuga ko umukandida afise amajwi kurusha abandi bahiganwa ariweaba yatsinze amatatora.

XS
SM
MD
LG