Uko wahagera

Perezida Uhuru Kenyatta Muri Sudani yo m'Ubumanuko


Uhuru Kenyatta ari kumwe na Perezida Salva Kiir

Uhuru Kenyatta ari kumwe na Perezida Salva Kiir

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta ahanura indongozi zo muri Sudani yo m’ubumanuko gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro bateyeko igikumu m’umwaka uheze no kugarura umutekano mu gihugu.

Ni m’urugendo yagize I Juba kuwa kabiri. Niwe mukuru w’igihugu wa mbere akigendeye kuv’aho habereye gucanamwo hagati y’abasirikare bayoboka Perezida Salva Kiir n’abayoboka uwahoze ar’icegera ciwe Riek Mashar.

Urwo rugendo rwaje rukurikira urugendo icegera ca mbere gishasha c’umukuru w’igihugu, Taban Deng Gai yagize muri Kenya mu ntango z’uku kwezi kw’indwi, aho yari yagiye gusaba Perezida Kenyatta kubafasha gushika ku mahoro arama.

Kenya ni kimwe mu bihugu bibanyi cemeye gutanga abasirikare ibihumbi bine mu basirikare bemejwe n’inama ya ONU ijejwe umutekano kuzorungikwa muri Sudani yo m’Ubumanuko kugarukana umutekano.

XS
SM
MD
LG