Uko wahagera

Burundi: Ukutumvikana Hagati y’Igipolisi n’Abatwara Amakamyo


Abashoferi batwara ibiduga vy'ibikamyo bivana ibidandazwa hanze y' Uburundi ntibacemerewe kurara ah’imiduga yabo ishikira. Abo abashoferi bavuga ko bagiye guhomba kuko ata mafaranga yo kuja gucumbika mu ma hoteri ababakoresha babatekerera.

Ibiduga bizana ibidandazwa bibikuye hanze y’igihugu c’Uburundi vyose bishikira hafi y’ikiyaga ca Tanganyika aho bita kuri Gare Routière. Aho ivyo bikamyo bihamara igihe biba birindiriye ko bijanwa ku kivuko ca Bujumbura gupakururwa ku metero nkeya zaho bishikira.

Kuva ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze hari ukutumvikana hagati y’igipolisi n’abashoferi batwara ivyo biduga. Igipolisi cafashe ingingo y’ukubabuza kurara muri Gare Routière. Igipolisi kimenyesha ko iyi ngingo arisanzwe ihari ariko abashoferi bagumye banka kuyishira mu ngiro.

Ibishikirizwa n’igipolisi binashimangirwa n’ishirahamwe rijejwe gutunganya ibikorwa mu gisagara ca SETEMU. Umuyobozi Mukuru wa SETEMU Ciza Sadiki asigura ko iyi ngingo ariyo kurinda ingorane z’umutekano muke zishobora kwaduka na rirya murico kibanza harara abantu benshi bakanahatekera imfungurwa hasanzwe hari n’igitoro.

Ariko abashoferi b’abatanzaniya bemeza ko iyi ngingo yafashwe giturumbuka. Banamenyesha ko ata buryo bari baritegekanije bwo kurondera ama hoteri bararamwo.

Sadiki yemeza ko ingingo zose zafashwe kugira ntihagire ikintu na kimwe cibwa canke ngo gitakare.

Abashoferi b’abatanzaniya bo basaba ko boja baranyarukirizwa gupakururirwa ibidandazwa kugira ntiabatakaze umwanya n’uburyo na rirya ba shebuja ata mahera y’icumbi babaha.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rijejwe gutunganya ibikorwa mu gisagara ca Bujumbura yasezeraniye abo abshoferi ko agiye gukora uko ashoboye kugira ababafasha kurihira ibidandazwa bazohore banyarutsa ntibasubire kuhamara imisi myinshi. Kuruyu wa kabiri, Ciza Sadiki akaba yagirishije inama abo bashoferi ari kumwe n’abaserukira igipolisi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:51 0:00

XS
SM
MD
LG