Uko wahagera

Nigeriya Mu Bibazo Bikomeye vy'Ubutunzi


Bitegekanijwe kw’igihugu ca Nigeriya cinjira icese mu bibazo bikomeye cane vy’ubutunzi, ku musi wa gatatu, igihe Reta izosohora ibiharuro vyerekeye ubutunzi vy’amezi ane arangiye.

Nigeriya yigeze kuba ifise ubutunzi bukomeye cane kurusha ibindi bihugu mu karere ka Afirika, imaze amezi atari make ihanganye n’itituka ry’ifranga ry’igihugu hamwe n’igabanuka ry’ibiciro vy’ibitoro.

Ku musi wa gatatu, ibiro vy’igihugu bijejwe gutororokanya ibiharuro ku vyerekeye ubutunzi mu gihugu, bizoshira ahabona icegeranyo ku vyerekeye ubutunzi bw’igihugu ca Nigeriya mu kiringo ca kabiri c’amezi ane y’umwaka.

Abitegereza ibintu biteze kw’ico cegeranyo cemeza amakuru atari meza amaze igihe arindiwe yuko ubutunzi bw’igihugu bugeze mu bihe bibi cane.

Mu ntango z’uku kwezi, ikigega mpuzamakungu F-M-I, catangaje ko Nigeriya yatakaje ikibanza cayo c’ukuba arico gihugu gikomeye cane mu vy’ubutunzi mu karere ka Afrika kurusha Afirika y’epfo.

Ibintu bitari bike nivyo vyatumye ubutunzi busubira inyuma bikomeye.

Ikintu gikuru mu vyatumye ivyo biba n’ibiciro vy’ibitoro vyagabanutse ku masoko mpuzamakungu.

Ibitero vy’abarwanyi ku miringoti y’ibitoro mu ntara yimbura ibitoro ya Delta du Niger nayvo nyene vyaragize ingaruka zikomeye ku butunzi bw’igihugu mu gutuma umwimbu w’ibitoro ugabanuka cane.

Ikintu kibazo cibonekeje cerekeye ukubura kw’amafranga y’agaciro mu gihugu. Ivyo vyatumye ifranga ry’igihugu ritakakaza agaciro bikomeye.

XS
SM
MD
LG