Uko wahagera

Amerika n'Ubuhindi Bigiye Gukomeza Imigenderanikre Kurushiriza


Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Reta Zunze Ubumwe Za Amerika John Kerry n’Ubuhindi Shushma Swaraj barahayagiza ugufashanya gukomeye hagati y’ibihugu vyabo.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Reta Zunze Ubumwe Za Amerika John Kerry n’Ubuhindi Shushma Swaraj barahayagiza ugufashanya gukomeye hagati y’ibihugu vyabo.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Reta Zunze Ubumwe Za Amerika n’Ubuhindi barahayagiza ugufashanya gukomeye hagati y’ibihugu vyabo.

Ibiganiro vy’incuro ya kabiri vyerekeye ubutunzi n’ugufashanya mu vya politike n’igisirikare hagati ya Amerika n’Ubuhindi vyabereye ubwa mbere mu gihugu c’Ubuhindi, ni bimwe mu biganiro n’amasezrano akomeye yatumye Amerika n’Ubuhindi bikorera hamwe kurushiriza.

Ivyo mu gihe hari impungenge zitera ziyongera ku gihagararo gitera ciyongera kurushiriza c’Ubushinwa.

Ubuhindi bwarashize ku ruhande mu kiringo c’imyaka irangiye inzitizi zitari nke ku vyerekeye ubudandaji, bufata ingingo y’ukwagura ubudandaji na Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Iyo ngingo yatumye ubudandaji hagati y’ivyo bihugu bibiri bwiyongera incuro zitanu mu gushika ku miliyaridi amajana atanu y’amadolari ku mwaka.

Amerika n’Ubuhindi vyiyemeje korohereza amashirahamwe yavyo kugura ibindandazwa bivuye kuri izo mpande zibiri.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanzire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yabonanye, ku musi wa kabiri n’umuhanuzi ku rwego rw’igihugu c’Ubuhindi ku vyerekeye umutekano, Ajit Doval, kugira baganire ibibazo vyerekeye umutekano mu karere, hamwe n’ukurwanya iterabwoba

XS
SM
MD
LG