Uko wahagera

Somaliya: Bombe Yahitanye Abarenga 20 i Mogadisho


Bombe yari yatezwe mu modoka yaturikiye hafi y’ibiro vya perezida wa Somaliya. Yahitanye abantu barenga mirongo ibiri.

Iyo modoka yasetse uruhombe rw’ihoteri SYL, ikibanza abategetsi ba Reta ya Somaliya bakunda guhuriramwo.

Batandatu mu bapfuye n’abapfasoni.

Mu bakomeretse, harimwo umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu, umushikiranganji wa Reta ajejwe kwivuna abansi, abashingamateka batari bake n’abamenyeshamakuru babiri.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Mohamed Abdi Hayir Maraye, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali amenyesha ko bari bazi kw’abarwanyi bariko bategura ibitero bitatu vy’amabombe ku murwa mukuru, Mogadisho muri iyi ndwi.

Babiri mu bagize igitero barafashwe n’inteko za Reta.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero. Yamara abantu bikeka umurwi al-Shabab, umaze igihe ugerageza gutembagaza Reta.

Uwo murwi kenshi uragira ibitero ku mahoteri aho abategetsi ba Reta baba canke bahurira.

Igitero c’imbere yaho cabaye kw’ihoteri SYL, mu kwezi kwa kabiri cahitanye abantu icenda.

XS
SM
MD
LG