Uko wahagera

Clinton na Trump Bavuga Kubiri Ku Kibazo c'Abimukira


Abakandida babiri mu matora y’umukuru w’igihugu muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, Hillary Clinton na Donald Trump, barabandanya kuvuga kubiri ku kibazo c’abimukira.

Umukandida Trump w’abarepublika yitezwe gushikiriza ijambo rikomeye kuwa gatatu muri reta ya Arizona, rijanye n’abimukira.

Ikibazo Abanyamerika bafise, n’ukumenya ico agiye gushikiriza kuco yokoza abimukira bababa imiliyoni 11 baba muri Amerika batagira ivyangombwa mugihe yotorwa.

K’uruhande rwa Clinton, avuga ko kimwe muvyo azoshira imbere ar’ukubaronderera inzira ibashikana kukuzohabwa ubwenegihugu –Icipfuzo Trump yamye yamirira kure.

XS
SM
MD
LG