Uko wahagera

Iraki: Abiyahuzi Bishe Abantu 15


Abategetsi ba Iraki bamenyesha ko abiyahuzi batatu baturikije amabombe ahariko habera ubugeni, hasiga ubuzima abantu bashika 15.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa ryatangaje ko abantu 20 bakomeretse mur’ico gitero cabaye ejo kuw’Imana mu gisagara ca Ain al-Tamer.

Kiri ku birometero bishika 50 uvuye mu gisagara ceranda c’I Karbala kirwiriyemwo Abayisilamu bo m’ubwoko bw’abashiite. Abo bategetsi bamenyesha kandi ko ata muhari uriyitirira ico gitero.

XS
SM
MD
LG