Uko wahagera

Abanywanyi Ba FNL Mu Gasho


Agathon Rwasa, umukuru w'umugambwe FNL
Agathon Rwasa, umukuru w'umugambwe FNL

Abanywanyi baba FNL bayoboka Agathon Rwasa bagize imisi bahagarikwa mu mihingo itandukanye y’igihugu.

Abahagaritswe baca baja gufungirwa mu gasho k’inyamiramabi I Gashikanwa, bagirizwa ko bariko bakora inama itazwi n’amategeko.

Agathon Rwasa arongoye urunani Amizero y’abarundi ashikiriza ko abanywanyi biwe bariko barahohoterwa bazira ivyiyumviro vy’abo vya politike.

Yagiriza abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi na cane cane urwaruka ko arirwo rutoteza abanywanyi b’iwe mu kubadodobereza ku nyamiramabi.

Ivyo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye abyamirira kure. Ahubwo yagiriza Agathon Rwasa ko afise umurwi uhungabanya umutekano.

Ikindi Ndayishimiye amenyesha nuko abanywanyi ba Rwasa ata burenganzira bagifise bwo gukora amanama.

Asigura ko urunani Amizero arongoye rwar’urwo mu matora.

XS
SM
MD
LG