Uko wahagera

Burundi: Umugambwe APDR Uramutswa Abarongozi Bashasha


Ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry'umugambwe APDR ryemeje Gabriel Banzawitonde kugira arongore uwo mugambwe
Ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry'umugambwe APDR ryemeje Gabriel Banzawitonde kugira arongore uwo mugambwe

Umugambwe APDR uramutswa kuva kur’uno w’Imana uwuwurongoye mushasha yahora ari umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi w’uwo mugambwe.

Uwo asubiriye ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kane uno mwaka. Akurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi ko yashikirije amajambo atyoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryemeje Gabriel Banzawitonde kugira arongore uwo mugambwe. Iryo koraniro ryaranzwe n’ukutumvikana hagati y’uwahora ar’icegera c’umugambwe n’umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi, bose bari bitoje mu kibanza c’Umukuru w’umugambwe.

Ingene amategeko agenga amatora yabitegekanya n’uko hitoje umwe abitavye ikoraniro bakoma amashi mu kumwemeza. Bamaze kuba babiri n’aho hakaba amatora. Ivyahavuye biba uwahora ari icegera c’umukuru w’umugambwe Fabien Ndihokubwayo aca arava mu kibanza cariko kiberamwo ikoraniro arasohoka.

Uwo agiye kuramutswa APDR avuga ko yizeye ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buzokwemeza ivyavuye mur’iryo koraniro.

Naho bir’uko uwari yashatse kwitoza mu kibanza c’umukuru w’umugambwe atashimye kuvuga vyinshi ntiyemera ivyavuye mur’ayo matora.

Abategerezwa gusubirizwa mu mugambwe APDR ku makosa atandukanye bagirizwa bari batatu. Umunyamabanga nshingwabikorwa, umushinguzi hamwe n’umukuru w’umugambwe.

Uwo wa nyuma aphungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kane uno mwaka.

Aimable Bakundukize yagirizwa kuba yarashikirije amajambo atyoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo.

Amategeko y’umugambwe APDR atomora ko uwujejwe ayo mabanga arengeje imisi 60 ataboneka aca asubirizwa.

XS
SM
MD
LG