Uko wahagera

John Kerry Aragendera Bangladesh Kuwa Mbere


Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z‘Amerika, John Kerry kur’uyu wa mbere aragendera igihugu ca Bangladesh.

Abategetsi bo muri deparotema ya reta bamenyesha ko intumbero nyamukuru y’urwo rugendo ar’ukuvugana n’abategetsi ba Bangladesh ibijanye no kurwanya iterabwoba.

Ni mugihe Igipolisi co muri Bangladesh gitangaza ko cishe abantu babatu barimwo umugabo kivuga ko ariwe yateguye igitero c’iterabwoba cabaye kw’italiki ya mbere y’ukwezi kwa ndwi, igitero cahitanye abapolisi babiri.

Mur’ico gitero co m’ukwezi guheze, abandi bantu 20 baragizwe imbohe harimwo n’abanyamahanga 17, cabereye kunzu y’uburiro iri k’umurwa mukuru Dhaka.

Umushikiranganji wa mbere wa Bangladesh, Sheikh Hasina yashimiye igipolisi hamwe n’inzego z’iperereza kubona babashije kwica Tamim Chowdhury, afise ubwenegihugu bwa Bangladeshi na Canada.

Umuhari wa reta ya Kiyisilamu niwo wari wemanze ko wagavye ico gitero co kw’italiki ya mbere y’ukwezi kwa ndwi ariko Reta ya Bangladesh yavuze ko vyakozwe n’akagwi k’iterabwoba karongowe n’uwitwa Chowdry kavukiye mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG