Uko wahagera

Ubutaliyano Bwapfuvye 35 mu Bahitanwe na Nyamugigima


Umushikiranganji wa mbere W'Ubutaliyano Matteo Renzi, (Ibubamfu), ariko arahoza uwabuze uwiwe i Ascoli Piceno
Umushikiranganji wa mbere W'Ubutaliyano Matteo Renzi, (Ibubamfu), ariko arahoza uwabuze uwiwe i Ascoli Piceno

Igihugu c’Ubutaliyano caratunganije ikigandaro k’urwego rw’igihugu ejo kuwa gatandatu co kwibuka abantu 290 bahitanwe na nyamugigima yabaye k’umusi wa gatatu, nyamugigima yibasiye ibisagara bine vyo mu ntara zo hagati z’ico gihugu.

Barapfubanye kandi iteka bamwe mu bahasize ubuzima. Mugihe indongozi z’abanyepolitike zariko zipfubana iteka abantu 35 mu gisagara ca Ascoli Piceno, hatanguye kuba ukwagirizanya ku bagirizwa ibi canke biriya.

Abajejwe ubutungane mur’izo ntara bamenyesha ko bagiye gutangura amatohozwa ku nyubakwa nshasha zaheruka kwubakwa harimwo n’ishure ryo mur'ivyo bice ryaheruka gusanurwa m’umwaka w’2012.

Bavuga ko bagiye gushengeza imbere y’ubutungane bene ayo mazu menshi muri yo yar’amaze imyaka irenga ijana yarubatswe kandi atari agikwije ibisabwa n’amategeko ajanye n’inyubakwa.

Mugihe bari mur’ico kigandaro, ibindi biziga icenda vyatowe n’abariko barafasha kurokora abantu, bica bishikana ku gitigiri c’abantu 230 bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima.

XS
SM
MD
LG