Uko wahagera

Gabon: Amatora y'Umukuru w'Igihugu


Igihugu ca Gabon catunganije amatora y'umukuru w'igihugu kur’uyu wagatandatu.

Abahiganirwa ico kibanza ni Perezida Ali Bongo asanzwe ari k’ubutegetsi hamwe na Jean Ping inzobere muvya kidipolomasiya yigeze no kurongora Komisiyo y’umuryango w’Ubumwe bw’Afirika.

Ping, yatangaje ko mugihe Bongo yokwongera Kurongora igihugu, ubutunzi bw’igihugu buzoguma mu minwe y’akagwi kamwe gusa.

Ping yabwiye Abanyegabon ko mugihe Bongo yotsinda aya matora, bazoba bahisemwo urupfu ariko ko mugihe we yotsinda boba bahisemwo kubaho.

Perezida Bongo yavuze ko urunani rw’abatavuga rumwe nawe rurongowe na Ping ar’akagwi k’abarozi bagoma gusubiza Igihugu mu ntwaro ya kera.

Umuryango wa Bongo umaze imyaka irenga 50 urongoye Gabon. Ibizova mur'ayo matora vyitezwe gutangazwa mu misi mike ir’imbere.

XS
SM
MD
LG