Uko wahagera

Somaliya: Abantu 7 Bishwe mu Gitero ku i Mogadisho


Inteko zijejwe umutekano za Somaliya zivuga ko zahagaritse igitero cagizwe ku buriro buri ku nkengera z’ibahari ku murwa mukuru, Mogadisho.

Abantu indwi bishwe muri ico gitero hamwe n’abagize ico gitero babiri. Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi w’igipolisi uno musi ku wa gatanu.

Umutegetsi mukuru w’igipoilisi, Colonel Bishar yatangaje kw’ico gitero carangiye imbere y’ubucagucagu ku wa gatanu.

Inteko zijejwe umutekano zarangije igikorwa cazo ca gisirikare aho zatabaye benshi mu basivile bari bafatiwe mu nyubakwa irimwo uburiro. Muri iki gihe inteko zijejwe umutekano zatujije abagize ico gitero muri ubwo buriro.

Igitero ku buriro buri ku nkengera z’ibahari ku murwa mukuru, Mogadisho catanguye ku musi wa kane igihe bombe yari yatezwe mu modoka yaturika hafi y’inyubakwa irimwo uburiro, yitwa Banadir Beach. Ivyo vyakwirikiwe n’ukurasana hagati yinteko zijejwe umutekano n’abagize ico gitero.

Abarwanyi b’umurwi al-Shabab biyitiriye buno nyene ico gitero.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi, ku murwa mukuru, Mogadisho, Koloneli, Bishar avuga ko abantu indwi bishwe muri ico gitero, harimwo abasivile batanu n’abajejwe umutekano babiri. Yatangaje kandi ko babiri mu bagize igitero nabo nyene bishwe.

Inteko zijejwe umutekano zimenyesha ko zahagaritse uwundi murwanyi yagize uhuhara mu gitero c’uno musi ku wa gatanu.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, nyene uburiro, Banadir Beach, Abdirisak Mohamed Jumale, avuga ko babiri mu bapfuye bari abakozi bo muri ubwo buriro bwiwe.

XS
SM
MD
LG