Uko wahagera

Tombola ku Mirwi Yabaye Iya Mbere Izohura i Bulaya Yamenyekanye


Ikimenyetso kiranga ihiganwa ry'umupira w'amaguru ry'imirwi yabaye iya mbere mu karere k'i Bulaya

Ikimenyetso kiranga ihiganwa ry'umupira w'amaguru ry'imirwi yabaye iya mbere mu karere k'i Bulaya

Tombola ku mirwi izohura mu mu gikombe mu gikombe c’umupira w’amaguru yabaye iya mbere mu bihugu ivamwo mu karere k’i Bulaya yabaye, ku musi wa kane, mu gisagara ca Monaco, mu gihugu c’Ubufransa.

Umurwi A ugizwe na Paris Saint-Germain, Arsenal, Basel na Ludogorets.

Umurwi B urimwo Benfica, Napoli, Dynamo Kiev na Besiktas.

Umurwi C ugizwe na Barcelona, Manchester City, Borussia Monchengladbach, na Celtic.

Umurwi D urimwo Bayern Munich, Atletico Madrid, PSV Eindhoven, na Rostov.

Mu Murwi E: Hazohura amakekipe ya CSKA Moscow, Bayer Leverkusen, Tottenham, na Monaco.

Umurwi F urimwo Real de Madrid, Borussia Dortmund, Sporting Lisbon, na Legia Warsaw.

Umurwi G ugizwe na Liecester City, Porto, Club Brugge, na FC Copenhagen.

Umurwi H urimwo Juventus, Sevilla, Olympique Lyonnais, na Dinamo Zagreb.

Inkino zo mu ncuro ya mbere zizoba hagati y’italiki 13 n’italiki 14 z’ukwezi kw’icenda, muri uyu mwaka.

XS
SM
MD
LG