Uko wahagera

Afuganistani: Abantu 13 Barishwe kw'Ishule American University


Abakozi n’abanyeshule barenga 700 baratabawe inyuma yuko bafatiwe mu nyubakwa y’ishule kaminuza, American Univeristy
Abakozi n’abanyeshule barenga 700 baratabawe inyuma yuko bafatiwe mu nyubakwa y’ishule kaminuza, American Univeristy

Igipolisi c’igihugu ca Afuganistani kimenyesha kw’abantu 13 bapfuye abandi 45 barakomereka inyuma y’igitero camaze hafi y’amasaha cumi n’imwe kw’ishule kaminuza, Amarican Univeristy, mu gihugu ca Afuganistani, ku murwa mukuru, Kabul, kirangiye.

Mu bapfuye, harimwo abanyeshule indwi, abapolisi batatu, abararira iyo shule kaminuza, babiri, n’umuntu umwe ararira ishule y’impumyi iri hafi yaho.

Ivyo vyatangajwe n’umutegetsi mukuru w’igipolisi ku murwa mukuru, Kabul, Abdul Rhman Rahimi, kw’ijwi rya Amerika, Service y’iki Afuganistani.

Atangaza kw’abanyeshule n’abakozi bbo kuri kaminuza, American University 36 bari mu bakomeretse.

Abakozi n’abanyeshule barenga 700 baratabawe inyuma yuko bafatiwe mu nyubakwa y’ishule kaminuza, American Univeristy.

Ico gitero catanguye igihe bombe yaturika, hafi y’isaha cumin a zibiri n’igihe zo ku muhingamo amasaha yaho ku musi wa gatatu. Ivyo vyatumye haba ukurasana kwamaze hafi y’isaha mu gihe abajejwe umutekano bishura. Abategetsi b’igipolisi bavuga ko babiri mu bagizez igitero bishwe.

.

XS
SM
MD
LG