Uko wahagera

Siriya: Inteko z'Abakurde Zavuye ku Rubibe na Turikiya


Umuvugizi w’urunani ruyobowe na Amerika, avugako Abakurde bateye baja mu buseruko bwa Siriya, kwitegurira igikorwa gishobora kuba c’uguhabuza igisagara ca Raqqa

Umuvugizi w’urunani ruyobowe na Amerika, avugako Abakurde bateye baja mu buseruko bwa Siriya, kwitegurira igikorwa gishobora kuba c’uguhabuza igisagara ca Raqqa

Abarwanyi b’Abakurde mu gihugu ca Siriya bashigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bavuga ko basubiye mu bibanza vyabo mu buseruko bw’uruzi Euphrate.

Ivyo bibaye umusi umwe inyuma igisirikare c’igihugu ca Turikiya n’abarwanyi bacuditse naco bagize igitero, mu gice cegereye urubibe.

Abarwanya ubutegetsi b’Abakurde batumye haba umwuka mubi hagati ya Amerika, ibabona nk’incuti zikomeye mu rugamba rw’ukurwanya Reta ya Kiyislamu, n’igihugu ca Turikiya, ibabona nk’abagira iterabwoba bakorana n’imirwi y’Abakurde b’Abanyaturikiya, bashaka kwiyonkora ku gihugu.

Umuvugizi w’urunani ruyobowe na Amerika, avugako Abakurde bateye baja mu buseruko bwa Siriya, kwitegurira igikorwa gishobora kuba c’uguhabuza igisagara ca Raqqa.

Yamara ivyu’uko inteko zose z’Abakurde zavuye mu gice kiri ku rubibe nkuko vyasabwe na Turikiya, imbere yuko igira igitero muri ako karere, ntibitomoye.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanzire wa Turikiya, yatangaje kw’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yavuganye nawe kw’itelefone, ku wa kane. Atangaza ko yamubwiye kw’inteko z’Abakurde bo muri Siriya bazova mu karere kari ku rubibe na Turikiya.

Kerry, yari mu gihugu ca Arabiya Saudite, kuganira ibikorwa vya gisirikare vya Amerika muri Siriya, n’umuganwa, Mohammed bin Salman, n’abaserukira Bahrain, n’ishirahamwe ry’ugufashanya ry’ibihugu vyo mu kigobe c’Abarabu.

Kerry, ariko arondera gushigikirwa mu rugamba muri Siriya, imbere y’inama itegekanijwe n’umushikiranganjui ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Sergei Lavrov, ejo ku musi wa gatanu, i Geneve, mu Buswise

XS
SM
MD
LG