Uko wahagera

Kaminuza y'Abanyamerika Muri Afganistani Yatewe


Abantu barenga cumi bagizwe n’abigisha hamwe n’abanyeshure nibo bagizwe imbohe muri Kaminuza y’Abanyamerika iri I Kabul k’umurwa mukuru wa Afghanistan.

N'inyuma y’aho iyo kaminuza iterewe n’abantu bataramenyekana kur’uyu wa gatatu.

Ico gitero catanguye mu masaha ya sa kumi na zibiri n’igice mu masaha yo muri Afganistani, kandi abajejwe umutekano batanye mu mutwe n’abo bantu mu kiringo c’isaha yose.

Igitigiri c’abo bateye ntikiramenyekana. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Sediq Seddiqi, yabwiye ijwi ry’Amerika ko abajejwe umutekano bariko bakora ibishoboka kugira barokore abantu bari mur’iyo kaminuza.

Har’amakuru atandukanye avuga kuboba bamaze kuhasiga ubuzima aho bavuga ko umuntu umwe ariwe yoba amaze gupfa ariko ivyo ntibiremezwa.

Nawe umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Afganistani amenyesha ko abantu bashika kuri 14 bamaze gukomereka bakaba batwawe kuvurwa mu bitaro.

Umuvvugizi wo m’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika yamenyesheje ko har’umurwi muto w’Abanyamerika bariko barafasha abasirikare ba Afganistani mur’ico gikorwa. Nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero

Mu ntango z’uku kwezi, umwigisha muri Kaminuza w’umunyamerika hamwe n’abandi bagenzi biwe bamuka muri Australiya bari baragizwe imbohe kur’iyo kaminuza nyene.

.

XS
SM
MD
LG