Uko wahagera

Cibitoke: Abarimyi Ntibafise Aho Bashorera Umwimbu


Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi
Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi

Inyuma y’aho abarimyi bo mu ntara ya Cibitoke baburijwe gushorera umwimbu wabo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, bavuga ko batagifise aho bashorera umwimbu wabo.

Abarira rukajana n’abarimyi b’itomate. Bavuga ko uwo zitaboreyeko agasese, azitanga ku mafaranga make ibibatera agahombo katagira uko kangana bagereranije n’amafaranga bakoresha mu kuzirima.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yari yishikiye kur’uyu wa kabiri ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke kwirabira ibibazo abarimyi bafise muri kino gihe.

Guide Rurema ashima ko abanyacibitoke bafise umwimbu mwiza. Ashikiriza ko ikibazo c’amatomate yimbuka ku bwinshi mur’iyo ntara akabura isoko, ko kiraje ishinga Leta y’Uburundi.

Umushikiranganji w’uburimyi yaranishikiye I Mparambo muri komine Rugombo. Aho naho hubatse ihinguriro ry’amatomate ritarigera rikora inyuma y’ imyaka itandatu ryubatswe n’ishirahamwe CAPAD.

Umushikiranganji Rurema yababajwe n’ingene kur’uyu wa kabiri abo muri CAPAD batahashitse kugira bugurure iryo hinguriro.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yemereye abanyecibitoke ko agiye kurondera vuba abo muri CAPAD kugira barabire hamwe ingene iryo hinguriro ryotangura gukora.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:01 0:00

XS
SM
MD
LG